Guhumanura, gukiza, gusubiza mu mibano
Gukemura, guhindura, no gutanga amahoro
Intumbero yacu ishingiye ku kubaha ubushobozi bw'imyuga no gukurikirana inyifato kugira gusubira mu muryango bibe kazoza.
Gushigikira abantu batishoboye, harimwo urrwaruka, abagore n’abandi, biciye mu nyigisho z’imyuga, kubaha ubufasha mu vyiyumviro n’imibereho, no kubafasha gusubira mu buzima busanzwe mu buryo buramvuye.
“Imibereho myiza y’abantu ni yo dushyize imbere.”
Ikigo Centre de Réhabilitation Birashoboka de Ngozi (CRBN) caguruwe ku mugaragaro na minisiteri ifise ubuzima mu nshingano zayo ku wa 10 Ruhuhuma 2021, mu ntara ya Ngozi, komine Ngozi, kumusozi wa Rusuguti. Intumbero nkuru y’iki kigo ni uguteza imbere imibereho myiza y’abantu bose, hatitawe ku bwoko, igitsina, idini canke ishaka rya politiki. CRBN igamije gutuma abantu bose bumva ko buri wese akwiriye kubahwa, gutera imbere no kugira ubuzima bwiza. Ihamagarira kandi umuryango munini kugira uruhare mu kurwanya ubwoko bwose bw’ihohoterwa.
Inzira yacu ishingiye kuri ibi: inyigisho z'imyuga, ubuhinga mu buzima, guhumanurwa mu mutima no gusubira mu muryango kugira habeho impinduka kama.
“Guteza imbere ubuzima bwiza bw’umubiri n’ubw’ubwenge (mu mutwe)”
Gufasha cane mw'iterambere ry’igihugu binyuze mu bikorwa vyo mu muryango bigamije kubahiriza uburenganzira bwa muntu, uburezi n’ubuzima bwiza kuri bose.
Kuva mu 2021, ibikorwa vyacu bihindura ubuzima bwinshi mu buryo bugaragara
Abafashijwe imbonankubone
Urwaruka n'abakenyezi bafashijwe kuva mu 2021
Imigambi Irimwo
Inyigisho zikora zishika kuri 6
Ikomine
Turi mu makomine abiri: Ngozi-Butanyerera na Bujumbura-Ntahangwa
Basubiye mu muryango
Abasubijwe mu muryango neza
Imiryango Yafashijwe
Ingaruka nziza ku miryango yabo
Abahugura
Inzobere zifatanya natwe mu gikorwa
Kuri buri mugambi harashizweko uburyo buhuye n'ivyo abafashwa bakeneye kugira batere imbere.
Gukemura, guhindura, no gutanga amahoro
Intumbero yacu ishingiye ku kubaha ubushobozi bw'imyuga no gukurikirana inyifato kugira gusubira mu muryango bibe kazoza.
Gufasha abantu bakora, guhingura, no gukora
Inyigisho za The Chris Lyricure zifasha kuronka ubuhinga bwihebuje bigaha abahereje inyigisho amahirwe yo kwitanguriza urudandazwa rwabo canke kuronka akazi.
Bafashijwe mu migambi yacu, barashikiriza intsinzi yabo.
Ndanezerewe cane kuba ndumwe mubize mukigo Birashoboka
Kurikirana ibikorwa, amahugurwa n'imigambi dushira imbere mu mibano.
Formation
Woba wipfuza kwiga umwuga ngirakamaro ushobora kugufasha kwibeshaho, kwishingira atelier yawe bwi...
Cérémonie
Santé
Événement
Formation
Communauté
Ibikorwa vyacu bishoboka ku bw'ishirahamwe n'ibigo, ONG n'abantu bafise umutima mwiza.
Buri foto yerekana amateka yo guhinduka n'ubumwe. Raba ubuzima bwa minsi yose bw'abafashwa bacu i Bujumbura.
Urashaka kwinjira, kudufasha, canke kumenya vyinshi? Abakozi bacu bari hano ngo bagufashe.